Igihe Imana yarema isi
Ntiyigeze ingisha inama
Mu butatu bwayo bwera
Yabikoze kuva kera
Yitwa Ndiho
Yateretse inyenyeri
Ku gisenge c'amajuru
Kubw'Ijambo ry'Umuremyi
Yategetse biraba
Yitwa Ndiho
Yihishuye ku bantu
Yambaye umubiri
Yamyeho, ariho kandi agira ze
Yitwa Yesu
Ivyaremwe vyose vyo mw'isi
N'ibiri mw'ijuru
Bipfukamye vyose vyatura
Ko uri Umwami
Yitwa Ndiho
Nimumfashe dushime uwo Mwami
Tumukomere amashi n'impundu
Nimumfashe dushime uwo Mwami
Tumutambire twese uwo Yesu
Yitwa Ndiho